Umugambwe APDR wibutsa Abarundi iragi rya Sipiriyano NTARYAMIRA

Mw’itangazo umugambwe APDR washize ahabona kuri uwu wa kane igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2018, umukuru w’uwo mugambwe Gabriel BANZAWITONDE amenyesha ko bakenguruka iragi Sipiriyano NTARYAMIRA yaraze abarundi aho yipfuza ko abarundi bose borangwa n’indero “Discipline”.

Gabriel BAZAWITONDE arongoye umugambwe APDR avuga ko batera ivyatsi ivyashikiye Sipiriyano NTARYAMIRA hamwe n’abandi barundi b’inzira karengane.

Uwo mukuru w’umugambwe APDR asaba Reta gukurikirana no kumenya ivyashikiye uwo yahoze ari umukuru w’igihugu.

Muri iryo tangazo, Gabriel BANZAWITONDE asaba abarundi ko kuri iyi ncuro ya 24 aho hibukwa urupfu rwa Sipiriyano NTARYAMIRA, ko bokwikubita agashi, bagahinduka hamwe no kugendera « Discipline » kugira bifashe mu kwubaka igihugu.