Uwahoze ari umukuru wa Sentare y’iyungururizo ya Gitega yagumijwe mw’ibohero rya Mpimba

Sentare ntahinyuzwa yafashe ingingo y’ukugumiza mw’ibohero Thomas NTIMPIRANGEZA yahoze ari umukuru wa Sentare y’iyungururizo ya Gitega, asanzwe apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura.

Nk’uko bishikirizwa n’uwumufasha kuburana, iyo ngingo y’ukugumiza mw’ibohero yafashwe kuri uwu wa mbere. Umushingwamanza Bernard Bigirindavyi avuga ko yunguruje, ingingo igira kabiri ifatwa n’ubutungane ikaba iza kumenyekana kuri uwu wa kane, inyuma y’ukwumvirizwa kwa Thomas NTIMPIRANGEZA yahora ari umukuru wa Sentare y’iyungururizo ya Gitega.

Thomas NTIMPIRANGEZA yafashwe kw’igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2018, akaba yagirizwa ko yanyuruje isima yari yatanzwe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu, kugira ikoreshwe mu kwubaka ikibuga c’umupira w’amaguru mu ntara ya Karusi.