Umwana w’umwigeme w’imyaka indwi y’amavuka yitavye Imana aguweko n’inzu ku musozi Mwura, zone Mugongo, komine Mugongo-Manga, intara ya Bujumbura benshi bita « Rural ».
Uwo mwana yaguweko n’inzu nk’igihe c’isaha cumi z’umuhingamo wo kuri uwu w’Imana.
Abandi bantu batatu nabo nyene bari muri iyo nzu barakomeretse, bakaba bariko bavurirwa kw’ivuriro rya Mugongo, nk’uko bivugwa n’igiporisi c’Uburundi.
Abandi bantu bane nabo bakomeretse bikomeye nabo nyene baguweko n’inzu ku musozi Nyambuye, zone Nyambuye, komine Isale, intara ya Bujumbura bita « Rural ».
Iyo nzu yasenyutse ni iy’uwitwa Nduwayezu Yves, akaba yaciye akomereka, n’umugore wiwe hamwe n’abana babiri.
Abo bane bakomeretse bariko bavurirwa kw’ivuriro rya Gishingano.