« Uwuzoza kudutera tuzomwivuna » – Gaston SINDIMWO

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu, Gaston SINDIMWO, amenyesha ko Uburundi bwiteguriye ibishobora gushika vyose ku Burundi mu bijanye n’umutekano.

Imbere y’abashingamateka n’abakenguzamateka kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 10 Ndamukiza 2018, ariko ashikiriza ivyaranguwe mu mezi atandatu ya nyuma y’umwaka wa 2017, abashingamateka bashatse kumenya ikiriko kirakorwa na Reta y’Uburundi mu gihe havurwa imirwi yoba iriko yitegurira gutera Uburundi iciye mu Rwanda.

Umukuru w’inama nkenguzamateka Reverien NDIKURIYO yasavye icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu kutavuga ibiriko birakorwa, kuko kwoba ari ukumena ibanga, ariko yemeza ko ibintu bipanze neza, kugira uwuzotera Uburundi bazomwivune.

Nk’umukuru w’inama nkenguzamateka Reverien NDIKURIYO, icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu nawe yemeje ko Uburundi bwiteguye, kandi ko igihugu gifise n’ubushobozi bwo kumwivuna.

Mu majambo make, Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yavuze ati : «  Uwuzoza kudutera tuzomwivuna. Turafise ubushobozi bwo kumwivuna. »

Gaston SINDIMWO yaboneyeho akaryo ko gushimira abayoboke ba Zebiya bagarutse mu gihugu, akavuga ko banse kwifatanya n’imirwi yitegurira gutera Uburundi.