Umukenyezi atavuga rumwe n’ubutegetsi muri Repubulika iharanira Demokarasi ya Congo (RD Congo), Eve Bazaiba ariyamiriza ikoresha rya mudasobwa mu matora, asigura kw’izo mashini zitubahiriza ibwirizwa shingiro.
Mu kiganiro yahaye BBC uwo mukenyezi avuga ati: « Imigwi itavuga rumwe n’ubutegetsi iratangazwa n’ingene akanama kajejwe amatora CENI kica amatwi kandi ikibutsa ko imashini z’amatora zihonyanga ibwirizwa shingiro rya Congo, risaba ko amatora aba mu bwisanzure, ku mugaragaro no mw’ibanga », niko umunyamabanga mukuru wa MLC, Eve Bazaiba yavuze.
Mu gihe hasigaye amezi umunani ngo habe amatora yotuma haboneka uwusubirira Prezida Joseph Kabila, abatamuha ni rwere basaba ko hakogwa amatohoza ku bantu biyandikishirije amatora bivugwa ko hari aboba biyandikishije kabiri.
Imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi ivuga ko abana n’impinja bashizwe mu bazotora, igasanga ngo ari uburyo bwo kwiba amajwi mu matora yimirije.