Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika cavuze ko umwanya uwariwo wose gishobora gushira mu ngiro umugambi wo kugira igitero muri Siriya, mu ntumbero yo kwihora igitero c’ubumara cakozwe muri Siriya.
Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika, Sarah Sanders, yavuze ko ingingo ya nyuma ku bijanye no gukora ibitero vya gisirikare itarafatwa.
BBC imenyesha ko, Sarah Sandersyavuze ariko ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zagiriza ivy’ico gitero c’ubumara ku gihugu c’Uburusiya n’igihugu ca Siriya.
Akanama kajejwe umutekano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika gategekanya guhura kur’uno wa Kane, mu gihe umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Theresa May yatumyeko inama y’abashikiranganji.
Naho biri ukwo, Reta ya Siriya yarahakanye kuba inyuma y’ico gitero c’ubumara.