Umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume BUNYONI amenyesha ko ata munywanyi w’urunani Amizero y’abarundi canke umuntu uwariwe wese ariko arahohoterwa kubera ari umunywanyi w’umugambwe utavuga rumwe na Reta.
Ariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganji bw’umutekano mu mezi 3 aheze, Alain Guillaume BUNYONI yamenyesheje ko iyo umuntu uwariwe wese ahohotewe biciye kubiri n’amategeko ari umwitwarariko w’abajejwe umutekano kandi iyo habaye akaguma gatewe n’ihohoterwa ryakozwe n’abajejwe umutekano batabara, bagakorana n’inzego zijejwe ubutungane kugira amategeko akurikizwe.
Alain Guillaume BUNYONI yavuze ko namba hari abahohotera abandi, bikorwa n’abava mu bwoko bwose, imigambwe yose n’amadini yose, agasaba ko abantu bakwiye kuza baravuga uko bimeze, iyo umuntu akoze ikosa umugambwe ntabe ariwo uboneka ubwa mbere.
Alain Guillaume BUNYONI yavuze ati : “Abantu baze baravuga uko ibintu biri, inka tuyite inka, iyo umuntu yakoze amakosa canke yarenganijwe, umugambwe wiwe siwo woca uboneka. ”
Uwo mushikiranganji w’umutekano amenyesha ko inzego z’umutekano zimaze gutunganiriza abarundi imyaka itari mike, akavuga ko abantu badakwiye kwiha akaranga mu kudurumbanya umutekano kugira bavugangwe, ahubwo uwuhohotewe yokwitura inzego z’umutekano kugira atunganirizwe biciye mu nzira y’amategeko n’ituze.
Nayo ku bijanye n’ibivugwa ko hari abafatwa bariko barigisha kuzotora “OYA”, umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI yamenyesheje ko uwofatwa ariko aravyigisha yohanwa kuko ikiringo co kwigisha ivyerekeye ivy’ibwirizwa shingiro kigengwa n’amategeko kandi kitaragera.