Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA yahaye umubonana umushikiranganji ajejwe imigendera n’ayandi makungu mu gihugu ca Misiri Sameh Shoukry, kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2018, muvyo baganiriye, harimwo ko Uburundi bwoshigikira uwuzorungikwa na Misiri, mu burongozi bw’inama nshingamateka ya Afrika.
Inyuma y’umubonano,umuvugizi w’inama nshingamateka Alexis Badian NDAYIHIMBAZE yamenyesheje ko abo bategetsi babiri babonanye, kuko hasanzwe hari imigenderanire myiza hagati y’Uburundi na Misiri.
Alexis Badian NDAYIHIMBAZE avugira inama nshingamateka yavuze ko bavuganye ku bijanye n’ingene uruzi Nil rwokoreshwa, mu gihe hasanzwe hari ukutumvikana k’uko urwo ruzi ruva mu Burundi rukoreshwa.
Umuvugizi w’inama nshingamateka y’Uburundi amenyesha ko, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi yaboneyeho akaryo ko gusaba umushikiranganji ajejwe imigenderanire ya Misiri n’ayandi makungu, kubandanya bafasha mu kurwanya iterabwoba, ivyo uwo mushikiranganji yemeye.
Umushikiranganji w’imigenderanire ya Misiri n’ibindi bihugu Sameh Shoukry, ari mu rugendo ruzomara iminsi ibiri kuva kur’uyu wa kabiri gushika kuwa gatatu igenekerezo rya 18 Ndamukiza, bikaba bitegekanijwe ko kur’uyu wa gatatu azobonana n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.