Leta y’Uburundi iravuga ko nta biganiro na bimwe izongera kwitabira n’abatavuga rumwe nayo kugeza amatora ya kamarampaka y’ibwirizwa nshingiro arangiye.
Umuryango w’ubumwe bwa Africa, AU, na ONI vyari yaraye bisohoye itangazo ryamaze akanya gato ku rubuga rwa internet rwa AU, bivuga uburyo bababajwe n’imyitwarire y’Uburundi.
Iryo tangazo ryavuga yuko umuhuza muri ivyo biganiro Benjamin Mkapa yariko ategura iyindi ntambwe y’ibiganiro kw’itariki ya 25 z’uku kwezi kwa kane I Entebbe muri Uganda.
Icatumye iryo tangazo rivanwa ku rubuga shishi itabona ntikizwi.
Ariko Terence Ntahiraja, umuvugizi wa minisiteri y’ubutegetsi mu Burundi, yabwiye BBC ko leta nta kindi gikorwa yiteguye kwitabira mbere y’amatora ya Kamarampaka ateganijwe kuwa 17 z’ukwezi kuza keretse ikijanye n’ayo matora.