Handitse ngo aravumwe uwizigira umwana w’umuntu.

🌈MUKUNDWA NTIHAGIRE ABANTU WIZIGIRA,KUKO IMBERE GATO BAZOGUHINDUKA,ARIKO UHORAHO NUMUKUNZI ADAHINDUKA,🌈

ZABURI 67:1_2_3_4_5_6_7.

1/IMANA itugirire ikigongwe,iduhe umugisha, itwakishirize Mu nyonga hayo.

2/Kugira ngw inzira yawe imenyekane mw isi,N’agakiza Mu mahanga yose.

3/MANA,amoko agushime,amoko yose agushime,

4/Amahanga anezererwe,aririmbishwe n’akanyamuneza:kuk azocira amoko imanza,kand’uzorongora Amahanga mw isi.

5/MANA,amoko agushime,Amoko yose agushime.

6/Isi irimbuka ivyimburo vyayo.IMANA ,ni yo MANA yacu.izoduha umugisha ;

7/IMANA,izoduha umugisha ;Kand’abo ku mpera zose z’isi bazoyubaha.

YESAYA 1:28_Arikw abacumura n’abanyavyaha bazotikirizwa rimwe,kand’abataye UHORAHO bazohona.🙏 AMEN HIMBAZWA MWAMI YESU🙏