Ibiranga abahamagawe n’Imana gukorera isezerano: Mwirinde abiyitirira Isezerano ngo babajuragize.

Ubuhanuzi k’Uburundi, ukudatahura no kuvangigwa no kujuragirika.

Nkuko Uhoraho Imana yabitugeze , Ihanga ry’Imana ABISEZERANO ntirizigera rirya umunwa canke ngo rihengamire kuri aba canke bariya mugushikiriza ukuri. Ijambo ry’Imana niryo tara ry’ibirenge vyacu.

Mumaze iminsi mwumva ama amajambo n’ama audio y’abantu batandukanye acanacanako benshi bavuga ivyo isezerano ( amasezerano, ibanga ry’isezerano) Imana yahaye Ihanga ry’Abarundi. Muri ivyo vyashikirijwe, bamwe bakoze imihari n’imigambwe, maze baraheza bariyimika, abandi batanguje ibitero sindamusiga-munwa; eka n’abandi bahavuye benyuza biyitirira kuba abatoranirijwe bonyene kuba abanyamasezerano mugabo aruko bafise izindi ntumbero. Bashobora kuba batumwe na za kameremere kabo canke baguye mumitego yawamugwanizi.

Ivyo vyose ntihagire uwo bizoca inkokora canke ngo bimijuragize kuko vyari vyarahanuwe yuko isezerano riri mugusohozwa n’Uhoraho hazohaguruka aba na bariya bakaryiyitirira, bakabwira abantu yuko bagira babikore, bagapfundikanya ibi na biriya kubera yuko bibaza ngo bashobora kwihindukirizako amasezerano. Bibagira yuko ivyiyumviro vy’Imana bidahwanye n’ivyo umwana w’umuntu.

Twagira twibutse abantu bose basoma ubu butumwa yuko:

1. Amasezerano ku gihugu c’Uburundi ari ukuri kandi yuko Imana ariyo izoyasohoza atari umwana w’umuntu.

2. Amasezerano ku gihugu c’Uburundi arayo abarundi bose abazoba bariho baba abari hanze canke mugihugu hagati.

3. Amasezerano y’abarundi azoshika Uhoraho Imana amaze gukubura ikibi mugihugu no mu mitima y’abantu kandi yuko ari Imana igiye kubikora, ntihagira uguhenda ngo niwe igire ikoreshe wenyene canke ngo arazi urutonde rwose rw’umugambi w’Imana.

4. Isezerano ku gihugu c’Uburundi rigizwe n’ivyiza vyinshi vy’amahoro, umunezero n’iterambere ridasanzwe kuri bose. Abiyitirira ayo masezerano ry’uburundi bamwe bamwe bashira imbere inkota, “Genocide” intambara “guerre civile” n’ayandi majambo y’icavutu. Babona urupfu no guhamba ntibabone ukuzuka.

Aha rero twagomba gukebura abarundi bose bumviriza radio isezerano canke bagasoma ibishikirizwa ku mbuga ngurukanabumenyi z’abisezerano kugira ngo ntibitiranye ibivugwa n’abirobanuye canke abihamagariye kuvuga ibi n’abiriya n’ubutumwa tubashikiriza. Tubashikiriza amakuru arobanuye yirya nino kandi ataho yegamiye, tukongera tukabashikiriza amakuru y’ijuru ashingirwa intahe na Mpwemu w’Imana.

Hariho ibintu nyamukuru bibiri uzomenyerako umuntu yahamagawe kandi yahawe ibanga ry’Isezerano n’Imana.

1. Avugana umutima munda, akavugisha ukuri adahengamye kandi atawe atutse. Uwo uzokwumva avuga amazina y’abantu abagerekako imisozi n’amabuye, abacira icobo azoba ari uwahamagawe na kameremere kiwe canke ari igikoresho ca satani naho yoba avuga Imirongo ya Bibiliya myinshi ku mutwe. Ehe akarorero tugakura mw’Ijambo ry’Imana. Soma Yuda 1:9-11. “Na Mikaheli umumarayika mukuru hamwe yatongana nawa murwanizi, aharira nawe bapfa umuvyimba wa Mose, ntiyubahutse kumuhinyura ngo amucokore, ariko yamubwiye at’Uhoraho aguhane…Bazobona ibara kuko bajanye inzira ya Kayini, bakiroha mubuzimire bwa Balamu kubwamaronko, bagahonera mumugararizo wa Kora”.

B. Ahagarara kw’Ijambo ry’Imana ryanditswe muri Bibiliya Yera no kw’Ijambo ry’Imana ry’abavugishwa b’ukuri agaca bugufi, akereka abantu ukuri kwibiriko biraba hirya no hino atawe aranduye umutima canke ngo amucire urubanza, akabikora murukundo n’ubugwaneza. Naho yogwanira agateka kiwe nako abandi ntiyigera yishushanya canke ngo yifatanye n’intakebwa mu vyiyumviro vyiwe mu mvugo canke mu ngira. Imana ntiyokura abanyakibi mugihugu ngo ibasubirize abandi. Irashaka abaciye bugufi, abihanye atari ivyo umurenzako kandi abiteguye kugira ngo ibakoreshe ibikogwa vyubugororotsi.

Mukurangiza twagomba dutere akamo abo bose bemera Isezerano Imana yahaye igihugu c’Uburundi, kuriteramira no kurikorera nk’abantu bahamagawe n’Imana, bakiyumvira, bakavuga kandi bagakora ibihesha iyo Mana icubahiro. Imana ija kure y’ibipfu, ikagendana n’abanyabwenge bayumvira. Kuri wewe wizeye Umugambi w’Imana w’Isezerano nturandugwe umutima n’amajambo canke imikorere y’abiyitirira isezerano kubera bumvise rivugwa, Uhoraho Imana araje adatevye kurisohoza maze ivyishushanya n’ivyikakisha bimaramare. Ni muze dukomeze gusenga no kwitunganya, turemeshe abababaye kandi turemururere abaremerewe mu bikogwa vyacu vya minsi yose maze dukore imirimo Imana yaduhamagariye.

Muhezagigwe!