Ibitaro vy’igiporisi c’Uburundi « HPNB » vyaronkejwe imfashanyo na Misiri

Ibitaro vy’igiporisi c’Uburundi HPNB (Hopital de la Police Nationale du Burundi) vyaronkejwe n’igihugu ca Misiri imfashanyo igizwe n’ibikoresho bipima ingwara y’amafyigo hamwe n’icuma gikoreshwa mu kuyungurura amazi.

Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire n’ibindi bihugu Alain Aimé NYAMITWE yamenyesheje ko ivyo bikoresho vyatanzwe bizofasha abahora baja kwivuza hanze y’igihugu ingwara y’amafyigo kuzokwivuriza hano mu gihugu ku giciro kitavuna.

Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’igihugu ca Misiri Sameh Shoukry yashikirije iyo mfashanyo yamenyesheje ko igihugu ciwe kizobandanya gifata mu mugongo ivyo bitaro kandi ko kizoronsa inyigisho abakozi kugira bizoborohere gukoresha ivyo bikoresho.