Itegeko ry’ugusaka ibirwanisho mw’ijoro ririko ririrwa n’abashingamateka

Inama nshingamateka iriko iriga kuva mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu integuro y’itegeko risubiramwo igitabu mpanavyaha.

Umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine KANYANA niwe ari gusigurira abashingamateka ibiri mu nteguro y’iryo tegeko risubirwamwo. Bimwe murivyo akaba ari ububasha abaporisi bohabwa bw’ugusaka uwukekwako icaha, batabanje kumwereka uruhusha, hamwe n’uko abaporisi boshobora gusaka mw’ijoro.

Ivyo biriko vyigwa n’inama nshingamateka ni ivyasabwe na Reta y’Uburundi, ibicishije mu nama nshikiranganji, aho yemeza integuro y’itegeko rivuga ko igitabu c’amategeko cohinyanyurwa mu bijanye n’ingene imanza zitohozwa mu bikorwa vy’ugusaka. Muri iryo hinyanyurwa, bitegekanijwe ko ugusaka gushobora gukorwa no mw’ijoro, ata n’urupapuro rubitangira uburenganzira rubanje kwerekanwa, mu gihe abashingamateka bovyemeza kuri uwu wa gatatu.

Muri Reta y’Uburundi basiguye ko iyo ngingo yafashwe kubera ubukozi bw’ikibi bushasha bubandanya kwibonekeza.

« Haribonekeza ubukozi bw’ikibi bushasha buza buravuka, bisaba ko muri ico gitabu hajamwo ingingo nshasha, cane cane mu bijanye n’ugusaka, aho usanga nko ku vyaha bimwe bimwe umutahe w’ugusaka utorindirwa, ndetse n’ugusaka mw’ijoro bikazoba ngombwa. », uko niko Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi yabishikirije.

NZOBONARIBA yamenyesheje kandi ko iyo nteguro yemejwe n’inama nshikiranganji irekurira abajejwe amatohoza gusaka no mu mashine « Nyabwonko » bakavanamwo ivyo bakeneye bibafasha mu matohoza barimwo.

Ibijanye n’iyemezwa canke isubirwamwo ry’iyo nteguro y’itegeko turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma, mugenzi wacu ari mu nama nshingamateka y’Uburundi niyaheza gukurikirana ayo makuru.