Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yahaye umubonano umushikiranganji w’imigenderanire n’ibindi bihugu w’igihugu ca Misiri, Sameh SHOUKRY kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2018.
Bimwe mu vyaganiriwe hagati y’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA n’umushikiranganji Sameh SHOUKRY vyari vyerekeye imigenderanire hagati y’igihugu c’Uburundi n’igihugu ca Misiri hamwe n’uko amazi y’uruzi Nil ivyo bihugu bihurirako yobungwabungwa.
Imbere y’uko ahabwa umubonano n’umukuru w’igihugu, Sameh SHOUKRY yabanje gutanga imfashanyo y’ibikoresho igihugu ca Misiri catanze ku bitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge hamwe no ku bitaro vy’igiporisi c’Uburundi.
Bitegekanijwe ko urugendo rw’umushikiranganji Sameh SHOUKRY yatanguye kw’igenekerezo rya 17 Ndamukiza mu Burundi rurangira kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2018.