Umunyarwandakazi azwi kw’izina rya NKOMEZA Christine yirukanwe ku butaka bw’Uburundi, kw’itegekeo nomero 500 ryo kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2018. Uwo munyarwandakazi yahawe amasaha 48 (iminsi ibiri) kugira ntazobe akibarizwa mu Burundi.
Muri iyo ngingo y’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, bavuga ko NKOMEZA Christine yahowe amasengesho yahora akoresha mu kinyegero, hamwe n’imigenderanire agirana n’abantu b’abanyamahanga. Iryo tegeko rivuga ko uwo munyarwandakazi yirukanwe mu ntumbero y’ugukingira umutekano w’igihugu n’uw’abanyagihugu.
Abarongoye intara zose zigize igihugu c’Uburundi, umukuru w’igisagara ca Bujumbura hamwe n’umukuru w’igiporisi kijejwe uruja n’uruza, basabwe gukora ibishoboka vyose, kugira iyo ngingo ishirwe mu ngiro.