Umuporisi w’umurundi yarekuwe n’Urwanda yashikiye mw’ibohero

IRAKOZE Theogene, umuporisi w’umurundi yari yajabutse urubibe yinjira mu Rwanda kubera akaborerwe yashikiye mw’ibohero inyuma y’ugushikirizwa Uburundi, igikorwa cabaye kuri uwu wa mbere.

Uwo muporisi yagirizwa ko yajabutse urubibe yinjira mu kindi gihugu atabifitiye uruhusha, akaba apfungiwe mu gasho k’igiporisi mu ntara ya Cibitoke.

Umuporisi w’umurundi Theogene IRAKOZE yari yafatiwe mu gihugu c’Urwanda kuwa gatanu w’indwi iheze yashikirijwe kuri uwu wa mbere igihugu c’Uburundi, nk’uko vyemezwa n’igiporisi c’Uburundi. Uwo muporisi yashikirijwe Uburundi ku rubibe rw’aho bita ku Ruhwa, mu ntara ya Cibitoke.