Uwahoze arongoye igisirikare muri Zimbabwe, Constantino Chiwenga yirukanye abaforoma barenga 15.000 bari mu myiyerekano basaba kwongererezwa imishahara.
Chiwenga ni we yari arongoye abasirikare bagararije ubutegetsi mu kwezi kwa cumi na rimwe gushika aho bakura ku butegetsi prezida Robert Mugabe – ubu na ho akaba ari icegera c’umukuru w’igihugu.
Mw’itangazo yashikirije, yavuze ko hatanzwe amahera mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu yo kuriha abo baforoma bahagaritse akazi ku musi wa mbere, ariko ko batasubiye ku kazi.
Ingingo yo kubirukana yafashwe « ku neza y’abagwayi no gukingira amagara y’abantu », ni ko icegera c’umukuru w’igihugu yavuze.
Nk’uko vyandikwa n’ikinyamakuru gica ku mbuga ngurukanabumenyi ca Independente, iryo hagarikwa ry’akazi rije inyuma y’aho reta ishiriye mu ngiro ivya abaganga n’abaforoma basaba, aho yongereje imishahara n’utundi turusho bivuye kuri yegereyegere bari bamazemwo ukwei kose, yasize habi igisata c’amagara y’abantu.