Abashira ibitabereye ku mbuga nka Facebook bazohanwa mu Burundi

Inama nshingamateka y’igihugu c’u Burundi yemeje integuro isubiramwo itegeko rigenga ingene ivyaha bitohozwa n’ingene imanza zicibwa.

Iyo nteguro iha uburenganzira inzego z’ubutungane bwo gukora ibikorwa vyo gusaka igihe c’ijoro canke gukurikirana ibica ku mbuga ngurukanabumenyi.

Harimwo kandi no gushiraho mw’ibanga ivyuma bifata amasanamu n’amajwi mu nzu y’umuntu yikekwako icaha gikomeye, canke mu modoka yiwe.

Iryo tegeko ryemejwe n’abashingamateka 90 kw’112 batonze mu nama nshingamateka.

Ryabanje gutera impari aho vyabonetse ko bamwe mu bashingamateka bafise amakenga kuri bimwe mu bivugwamwo.

Hari n’abatangaye kwumva ko ibikorwa vy’isaka vyahora biba bitahora vyisunga amategeko.

Umushingamateka Ndayisenga Bernard yabajije ati: « Nyakwubahwa umushikiranganji yashikirije ingene bahora basaka ikivunga ugasanga nk’ahantu bahazingurije.

« Jewe nahora nibaza ko biba bikurikije amategeko. Ariko ubu numvise koko ko bitari biri mu mategeko.

« Ubwo ntimugomba kudusaba ko dukingira amakosa mwahora mukora mu kudusaba ko tubishira mu mategeko? »

Ikindi cateye amakenga ni igikorwa co gusaka kizohora gikorwa ijoro. Uwundi mushingamateka yabajije ati: « Mbona ko gusaka mw’ijoro biteye amakenga.

« Ndashobora kuza kugusaka mw’ijoro mfise ico dupfa hanyuma nkakugirira nabi. Jewe mbona ko vyovamo bakabigira mu gitondo.

« Ndashobora kuza nabiteguye nkavuga yuko uriko uragorana nkaca ndakurasa. Ivy’ijoro biragoye ».

Kuri ivyo vyose umushikiranganji ajejwe ubutungane Aimée Laurentine Kanyana yavuze ko ubwo buhinga bushasha buzokora ku vyaha bikomeye cane nk’ivy’ihonyabwoko, ibijanye no gutunga inkoho bidaciye mu mategeko, ugufata abigeme ku nguvu, hamwe n’ivy’iterabwoba.

Ibikuru bikuru biri muri iri tegeko:

1. Gusaka ivyo umuntu afise muri mudasobwa canke computer;

2. Gukurikirana ibica ku mbuga hwaniro (Facebook, Twitter, WhatsApp,…) no guhana abacishaho ibintu bitabereye;

3. Gusaka amazu y’abanyagihugu mu kivunga (kare nta tegeko ryahora ribigenga, ariko ubu abapolisi bazoja gusaka bisunga itegeko);

4. Kwihweza no gukurikirana umuntu hakoreshejwe ubuhinga buteye imbere ku gihe kirekire, kugira barabe ko icaha bamwiketseko yoba ariko aragitegura (observation).

5. Gucengetera (Infiltration): ubu nk’igipolisi kizoba kirekuriwe kwinjira mu mugwi kanaka w’abagizi ba nabi kugira kimenye ivyo bariko barategura;

6. Gutangiriza ubutumwa (Interception des messages) buca mu materefone canke mu buhinga bwa internet nk’ubutumwa bwa email;

7. Gushira ivyuma bifata amasanamu (camera) binyegeje ahantu aho ariho hose harimwo no mu nzu y’umuntu kugira barabe ko icaha yiketsweko yoba ariko aragikora (ubu ni ubuhinga bukoreshwa ku vyaha bibera ahinyegeje).