IVYAKOZWE N,INTUMWA 10:1-8 tuhasanga aya majambo : I kayisaroya har,umuntu yitwa Koruneliyo, umugabisha wo mu ngabo zitwa Abanyetaliya.Yar umuntu yubaha Imana akayitinyana n,abo mu nzu yiwe bose, yagirira abantu ubuntu bwinshi , agasenga Imana ubudasiba.Abona yeretswe imbonankubone umumarayika w,Imana yinjiye i we hari nK,isaha cenda z,umusi : aramuhamagara , ATI Koruneliyo.Nawe amukanurira amaso , afise ubwoba, aramubaza ATI N,iki ga Mwami? aramwishura, ati Gusenga kwawe n,ubuntu bwawe vyaduze biba icibutso imbere y,Imana . mwene data mukundwa ndasha wige nanje nige kuraya majambo uyu Koruneliyo ntiyari umuntu asanzwe yari umusirikare mukuru arongoye abasoda ijana ashobora kuba yari Colonel ariko ivyo ntivyamubujije gutinya Imana no kuyubaha no kuyikorera no kuyisenga haribintu 2 yakoze rero abikora mu kuri ataburyarya ngo ivyo bintu bica biraduga n,imbere y,Imana biba icibutso Sinzi ko icibutso mu gitahura ngo vyabaye nka Monument Imana yabibona igaca yibuka Koruneliyo nuko gutuma uwo mumarayika ivyo bintu Koruneliyo yakoze bigakora ku mutima w,Imana kwari: Gusenga no kugira ubuntu muyandi majambo Koruneliyo ntiyasenga gusa ngo ace arera amaboko muvyo Imana yamuhezagije nawe yaca arondera abo ahezagira none wewe nanje ni gute?nikihe icibutso woba ufise imbere y,Imana . wohava kumbwira ngo nuko yarabifise oya gutanga canke kugira ubuntu ni mu mutima !! Imana itugirire neza twige kugira ubuntu twibuke Habita canke Doruka uko vyagenze nawe ngo yagirira ubuntu abapfakazi akabambika amaze gupfa bararira bongera baraboroga banka ko ahambwa kubwico yarabamariye mbega wewe canke jewe tumariye iki abandi??reka dusenge Imana mushobora vyose iduhe kuba abikimazi kuri bene data! Bene data batubonemwo umumaro