Umurundikazi Khadja Nin yagenywe mu rwego rugena abatwara udushimwe muri Cannes

Umuririmvyi w’umurundikazi Khadja Nin n’umwe mu bapfasoni batanu bari mu rwego rugizwe n’abantu icenda bazogena uwuzoronka agashimwe gakomeye mw’ihayanishwa ry’amafilime i Cannes uyu mwaka.

Itororokanirizo ry’amakuru rya AFP rivuga ko mu mwaka umwe aho ikimenyetso #MeToo cakwiragiye mu binyamakuru vyinshi, mu gihe hari abarongoye amatsinda batatu gusa b’abapfasoni mu mafilime 18 yariko arahiganwa, abarongoye iryo higanwa bashobora kuba bikubise agashi mu kwibuka abapfasoni ubu.

Uwo mupfasoni w’umurundikazi w’imyaka 58 aririmba mu giswahili, Kirundi no mu gifaransa, yimukiye mu gihugu c’Ububiligi mu myaka ya 1980, aza kumenyekana cane mu 1996 mu rukurikirane rw’indirimbo ziwe yise Sambolera.