Abantu umunani bagirizwa ko bariko bategura guhungabanya amatora y’ibwirizwa shingiro bakoresheje inkoho bapfungiwe mw’iperereza i Bujumbura. Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko abo bantu bafatiwe ku mitumba itandukanye y’intara ya Bujumbura benshi bita « Rural ».
Uwo murwi wa mbere w’abantu bagirizwa ko bariko bategura guhungabanya amatora bakoresheje inkoho, nk’uko vyemezwa n’igiporisi, wafashwe kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 18 Ndamukiza 2018, mw’isakwa ryabaye ku mitumba ya Nyabunyegeri na Rubirizi, muri komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura benshi bita « Bujumbura rural »
Muri iryo sakwa, umwe muri munani bafashwe, azwi kw’izina rya BUCUMI Jean niwe yatanguye gufatwa n’izo nkoho, mu matohoza yakozwe kuri we, akaba ariho abo bandi bafashwe.
Petero NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko uwo murwi wafatanwe ibirwanisho bicira umuriro.
« Bafatanwe ibirwanisho bigizwe n’inkoho zibiri zo mu bwoko bwa Kalashnikov hamwe n’ibikono vy’amasasu. Bagirizwa ko bafise intumbero y’uguhungabanya amatora yimirije y’ibwirizwa shingiro bakoresheje ibirwanisho. Nibo ba mbere tubonye. »
Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko inyuma y’abo bafashwe, hariho abakironderwa, kandi ko bafise amakuru ko hariho n’inkoho zitafashwe zikiriko ziraronderwa.
Abo bantu bafashwe mu gihe hari amakuru abandanya kuvugwa y’imirwi yoba iriko yitegurira gutera Uburundi. Mu giporisi bamenyesha ko atawovuga ubu ko abo bafashwe bafitaniye isano n’ayo makuru, kuko amatohoza ataravyerekana. Petero NKURIKIYE avuga ariko ko mu bushikiranganji bw’umutekano bazi ko hari abanyeporitike bamaze gushikiriza ko bazodurumbanya amatora yimirije.
« Isano kugira turivuge n’uko amatohoza aba yaheze yose. Ariko mwese mwariyumviye ko hariho abavuze ko biteguriye kurwanya amatora, mbere bakoresheje ibirwanisho. Amatohoza ntiturayaheza kugira tumenye neza ko ari bariya canke abandi. Mu matohoza barababaza neza intumbero bari bafise, bagaheza bakababaza neza ibirwanisho aho babikuye, n’ingene bokoze mu guhungabanya ayo matora. »
Uwo murwi wa mbere w’abagirizwa ko bariko bategura gukoresha inkoho mu guhungabanya amatora uje ukurikira abari baragerageje nabo nyene guhungabanya amatora imbere y’abo, mu giporisi bakavuga ko ab’ubwa mbere bari babikoze mu kwandika nabi abazokwitaba ayo matora, canke mu kwigisha abantu kutazoyitaba
Mu giporisi c’Uburundi bagabisha abandi bose bafise iyo ntumbero y’uguhungabanya amatora y’ibwirizwa shingiro ko batazobihanganira, kandi ko n’ingingo z’ugukomeza umutekano imbere no mu matora nyezina zafashwe.