Abashikiranganji batanu bashasha muri Reta y’Uburundi

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA yahinduye abagize Reta y’Uburundi kuri uwu wa kane, nk’uko biri mw’itegeko ryasohotse ku mugoroba wo kuri uwu wa kane. Abashikiranganji batanu bashasha muri Reta y’Uburundi nibo bagenwe. Muri iyo nteguro nshasha, n’ubushikiranganji bumwe bumwe bwahinduye amazina.

Batanu bashasha bagenwe n’umukuru w’igihugu ni Ezechiel NIBIGIRA yigeze kuba aserukira Uburundi muri Kenya, akaba yarigeze n’ukuba ari umukuru w’urwaruka rw’Imbonerakure za CNDD FDD ku rwego rw’igihugu. Yagenwe mu mabanga y’ukuba umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, akaba agiye mu kibanza cahoramwo Alain Aimé NYAMITWE.

Nestor BANKUMUKUNZI yahora ari umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru yasubirijwe na Serge NDAYIRAGIJE yahora muri Reta y’Uburundi nyene, ariko akaba yahora ajejwe ubushikiranganji bw’intwaro ibereye. Ubwo bushikiranganji bw’intwaro ibereye ubu burongowe na Jeanne d’Arc KAGAYO yahora nawe nyene muri Reta y’Uburundi.

Muganga Josiane NIJIMBERE yahora ari umushikiranganji w’amagara y’abantu yasubirije na Muganga Thaddé NDIKUMANA yahora ari umuvugizi w’ubwo bushikiranganji.

Pélate NIYONKURU yahora ari umushikiranganji w’ubudandaji yasubirijwe na Jean Marie NIYOKINDI. Uwo yahora ari umushikiranganji w’ubudandaji akaba yagenwe gutwara ubushikiranganji bujejwe imico kama hamwe n’inkino. Ubushikiranganji bwahora bwitwa ubw’urwaruka, inkino n’imico kama bwagabuwemwo imice ibiri, hiyongerako ubushikiranganji bujejwe urwaruka, ubuhinga bwa none, hamwe n’amaposita bwahawe umukenguzamateka Evelyne BUTOYI yigeze kuba ajewe kumenyesha amakuru mu mugambwe CNDD FDD ku rwego rw’igihugu.

Ubundi bushikiranganji bwahinduye izina ni ubushikiranganji bw’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi bwagabuwemwo imice ibiri igizwe n’ubushikiranganji indero, n’inyigisho z’imyuga burongowe na Janviere NDIRAHISHA, hamwe n’ubushikiranganji bw’inyigisho za Kaminuza hamwe n’ubushakashatsi burongowe na Gaspard BANYANKIMBONA yahora ari umuyobozi mukuru wa Kaminuza y’Uburundi.

Muri iyo Reta nshasha y’Uburundi, umushikiranganji ajejwe ibidukikije yatakaje ikibanza, kuko ubushikiranganji yahora arongoye bugiye gutwarirwa mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi burongowe na Déo Guide RUREMA yagumye muri ico kibanza.

Tubamenyeshe ko abashikiranganji batanu bose bo mu runani rw’abigenga Amizero y’Abarundi bagumijwe muri Reta y’Uburundi, ariko bamwe muribo bahindurirwa ubushikiranganji. Abo nabo ni Jeanne d’Arc Kagayo, Félix Mpozeriniga, Jean Bosco Hitimana, Serges Ndayiragije hamwe na Pélate Niyonkuru.