Ibikorwa vy’ukwubaka mu Carama, Gatunguru na Gahahe vyahagaritswe

Ubushikiranganji bujejwe ibidukikije bwafashe ingingo y’uguhagarika vy’imfatakibanza ibikorwa vyose vy’ukwubaka muma karitiye ya Gahahe, Gatunguru hamwe na Carama. Ibikorwa bigiye kubandanya ni ivy’ukwubaka gusa ingoro y’umukuru w’igihugu hamwe n’ibikorwa vy’ugutunganya uruzi rwa Gasenyi.

Nk’uko biri mw’itangazo ry’ubwo bushikiranganji ryateweko na Celestin NDAYIZEYE yahora arongoye ubwo bushikiranganji, bamenyesha ko ingingo yafashwe mu ntumbero y’ugukinga ko ivyabaye mu ndwi iheze bitosubira, aho imvura nyinshi yaguye, ihitana abantu n’ibintu.

Ingingo yafashwe ikaba ivuga ko kiretse ibikorwa vy’ukwubaka ingoro izorangurirwamwo imirimo y’umukuru w’igihugu, hamwe n’ibikorwa vy’ugutunganya uruzi Gasenyi, ibindi vyose bibaye birahagarikwa vy’imfatakibanza mu bice vya Gahahe, Gatunguru na Carama mu kurindira ko ivyigwa vy’ingene hokwubakwa imigende y’amazi y’imvura, mu turere tubangamiwe n’imvura bisozerwa.

Ubwo bushikiranganji buvuga ko ibikorwa bimwe bimwe bituma ivyigwa bitogenda neza biba birahagaze mu kurindira ko itunganwa gushasha ry’aho hantu rihera.

Muri iryo tangazo bibutsa ko bibujijwe kwubaka mu bibanza bikingira inzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura, hamwe no ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika.