Uganda: Kwugara ibohero muri Uganda bishimwa n’abanenga leta

Abakuru b’abatavuga rumwe na leta muri Uganda hamwe n’abaharanira agateka ka muntu, bashima ingingo yo kwugara ibohero vyavugwa ko riberamwo ikubagura.

Ingingo yo kwugara iryo bohero yafashwe n’umukuru w’igipolisi mushasha aheruka kugendwa, Martin Okoth Ochola.

Benshi mu bapfungiwe ku biro vy’igipolisi vya Nalufenya mu buseruko bw’igihugu, barengutse muri sentare bigaragara ko bafise ibikomere.

Abandi bavuze ko bahaswe ibibazo babafatiyeko inkoho, babashira ku muyagankuba baranakubitwa bimwe bikomeye.

Abarongoye amashirahamwe y’abaharanira agateka ka muntu bavuga ko hari ibibanza vyinshi bizwi canke bitazwi bipfungirwamwo abantu, hakabera ibikorwa vyo gukubagura abantu, bagasaba ko navyo vyokwugarwa.