Uhoraho Imana iravuga kandi igashitsa. Umenya yuko atariyo yavuze iyo bidashitse

IVYAVUYE KUMUSOZI W’AMASENGESHO (20/04/2018)

Aho twari k’umusozi w’amasengesho Uhoraho Imana yavuganye natwe ko ije guhana kuko yababajwe n’ibizira bibera mu gihugu no mw’ishengero. Uhoraho Imana yagize ati:  » Igihe c’Isezerano ry’uburundi kirashitse. Ikindi ngo inkota iraje, amaraso ategerezwa guseseka kuko ngo Farawo ntiyovyemereko ari Imana ibaho yasezeranye, mugabo kandi ngo umugororotsi izomurinda. Mubwire abo mwihanga ry’Imana bose bihane, bitunganye kandi biyeze, kuko umumarayika w’Uhoraho agira arengane.

Twahawe gusoma muri Yeremiya 51:45-58:

« (45)Yemwe bantu banje, ni muve hagati muribo, mwikize mwese uburake bwanje bwinkazi, jewe Uhoraho… (51) Turateterewe kuko twumvise ibitutsi, mumaso hacu haje ibimaramare: kuko abanyamahanga binjiye mumyanya yera yo mungoro y’Uhoraho…(58) uku niko Uhoraho Nyeningabo agize… ( musome iyo mirongo yose 45-58) Abari n’amatwi yo kwumva batahure, abahawe ibanga ry’isezerano biyeze kandi basenge cane. *Murungikire abandi ubu butumwa buvuye mw’ijuru.*

abisezerano.com