Zimbabwe : Reta yatanguye kurondera abaforoma basubirira abirukanywe

Inyuma yo kwirukana abaforoma 14000 kubera bahagaritse akazi, Reta ya Zimbabwe yatanguje isekeza ryo kurondera vyihutirwa abakozi babasubirira.

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo BBC, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Emmerson Mnangagwa yavuze ko Reta iriko iraha akazi abaforoma bari bashomereye hamwe no kugarukana ku kazi abari mu zabukuru ariko bari munsi y’imyaka 70.

Ayo makuru nyene amenyesha ko , umuvugizi w’umukuru w’igihugu yavuze kandi ko abo birukanywe bashobora gusubira gusaba akazi nk’abakozi bashasha.

Abaforoma mu gihugu ca Zimbabwe bagiye muri yegereyegere kuwa mbere, igenekerezo rya 16 Ndamukiza 2018, bashaka kwumvisha Reta ko ibahemba inyongera hamwe no gusaba ko bongerwa umushahara.

Ku ruhande rwa Reta, bavuze ko yari yasohoye amafaranga yo kubahemba izo nyongera, ariko abo baforoma bakavuga ko bashaka kubona ayo mafaranga ku bubiko bwabo mu mabanki.