Abantu 10 biciwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza amategeko mashasha agenga abageze mu zabukuru muri Nicaragua

Abantu cumi ni bo bamaze kwicwa muri Nicaragua mu misi itatu y’itana mu mitwe hagati y’igipolisi n’abagwanya ihinduka ry’amategeko agenga abageze mu za bukuru, nk’uko abategetsi babivuga.

Icegera ca prezida Rosario Murillo avuga ko iyo myiyerekano ikorwa « n’ibikoko », ariko ko reta yiteguye kuganira na bo.

Ni yo myiyerekano ihitanye abantu benshi muri Nicaragua kuva prezida Daniel Ortega ashitse ku butegetsi mu 2007.

Ije iva kw’itegeko rishaka ko abakozi n’abakorsha bongereza amahera yo kwitegekaniriza kazoza, rikanagabanye n’inyungu boronka.

Iyo myiyerekano yatanguye ku wa gatatu, igihe abari mu zabukuru bihereza amabarabara ku mugwa mukuru Managua.

Baciye bakurikirwa ku musi ukurikira n’ibihumbi n’ibihumbi vy’abanyeshure hamwe n’abakozi.

Iyo myiyerekano yanabandanije mu bisagara vyinshi mw’ijoro ryo ku wa gatanu.