Abigeme b’Abarundikazi bagera kuri 25, bari kumwe n’abandi bantu babiri bivugwa ko bakora urudandazwa rw’abantu bafatiwe mu gisagara ca Nairobi mu gihugu ca Kenya, mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu.
Abo bigeme bo mu Burundi bafatiwe mu nzu iri aho bita i Westlands, mw’isakwa ryakozwe n’igiporisi ca Kenya cari caronse amakuru y’abo bantu boba bariko bitegurira kuja kudandazwa mu bihugu vy’abarabu, nk’uko vyanditswe n’ikinyamakuru « The Star » co mu gihugu ca Kenya.
Igiporisi ca Kenya kimenyesha ko catanguye gutegura ingene abo bigeme basubizwa mu Burundi.
Mw’ishirahamwe ryiyemeje kurwanya urudandazwa rw’abantu, « Observatoire National pour la Lutte contre la Criminalité Transnationale : ONLCT Où est ton frère » rivuga ko mu biharuro bafise, Abarundi bagera kuri batatu ku munsi aribo badandazwa mu bihugu bitandukanye, cane cane vyo ku mugabane w’abarabu. Muri iryo shirahamwe basaba Reta y’Uburundi ko yotegura neza amategeko ajanye n’ukuja kurondera akazi hanze y’Uburundi, kuko ku bw’iryo shirahamwe, bikiboneka ko urudandazwa rw’abantu rukibandanya mu yandi mayeri adasa n’aya kera.