Mu gihe ku munsi wa kane igenekerezo rya 19 Ndamukiza 2018 ryari isango rya nyuma ku basegerereza hamwe n’abiyerereza mu gisagara ca Bujumbura no ku mirwa mikuru y’intara kugira bazobe bavuye mu mabarabara, kuri uno munsi wa gatanu hibonekeje bamwe muri abo, ku gituro c’imiduga yunguruza abantu ibatwara mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura.
Bamwe mu bagendana ubumuga hamwe n’abasegerereza baganiriye n’ikinyamakuru IGIHE bamenyesheje ko uwu musi baje batevye gato kuko hariho abari batinye ko bashobora gufatwa n’abajejwe umutekano, ku ngingo yasohowe ibabuza gukora ico gikorwa.
Umukenyezi umwe agendana ubumuga bw’amaguru twasanze kuri ico gituro c’imiduga yavuze ko atarota abiheba, kuko ariho aziga uburaro n’uburamuko.
Uwo mugore yavuze ati : “Jewe mfise umwana yiga mu mwaka w’indwi, nije ndamugaburira kandi ni jewe ndamutangira amafaranga y’ishure, mvuye hano twoca tubaho gute ? Sindota mva hano.”
Umugabo agendana ubumuga bw’’ukuboko yashikirije ko atumva igituma baburagizwa kuko atawe bagora baronswa amafaranga n’uwubishatse.
Uwo mugabo yavuze kandi ko igihugu c’Uburundi atarico conyene gifise ibimuga bisega, agasaba ko bakwiye kubareka, nk’uko biri mu bindi bihugu.
Abo bagendana ubumuga twasanze kuri ico gituro batumenyesheje ko mu gishingo co kubafata babasubiza mu ntara zabo vyoba vyiza baronkejwe umutahe kugira bashobore kwibako.
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu mw’itangazo bwasohoye kuri uwu wa kabiri bamenyesheje ko icaha co gusegerereza gihanwa n’igitabu mpanavyaha c’Uburundi mw’itegeko nomero 1/27 ryo kuwa 29 Kigarama 201.
Umushikiranganji Pascal BARANDAGIYE yatanze ikiringo ntarengwa co gushika kuri uwu wa kane igenekerezo rya 19 Ndamukiza kugira abasegerereza hamwe n’abiyerereza bazobe bavuye mu mabarabara. Inyuma y’iryo genekerezo, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwavuze ko ingingo zikomeye zizofatwa.