Umunyabigega wa komine Gisuru intara ya Ruyigi apfungiwe mu gasho k’igiporisi muri iyo ntara kuva kuri uwu wa gatatu. Jeremie NYABENDA yafashwe n’igiporisi yagirizwa ko yateye inda imwigeme w’umunyeshure yiga mu mwaka w’icenda kw’ishure ryo muri komine Gisuru
Parake y’intara ya Ruyigi ikaba yatanguje amatohoza kuri ico caha cagirizwa uwo munyabibega.