Abarundi 12 bafashwe bariko biyandikisha ko ari abatanzaniya

Abarundi 30 nibo bahagaritswe n’abajejwe umutekano mu gihugu ca Tanzaniya. Nk’uko amakuru dukesha imboneshakure ikorera muri ico gihugu ITV abimenyesha, abo barundi nahagaritswe mu gihe bariko bakora ibikorwa bidahuye n’amategeko.

Imboneshakure ITV imenyesha ko, 12 muri abo bafashwe bariko biyandikisha mu bitabo nk’abatanzaniya, kandi ari abarundi, ivyo navyo bikaba bidahuye n’amategeko y’igihugu ca Tanzaniya.

Ayo makuru y’imboneshakure ITV, amenyesha ko abandi barundi 18 bafashwe mu gihe bariko bakora ibikorwa vyo kurima mu matongo ya Tanzaniya, mu karere ka Geita badakurikije amategeko.

Mu gihugu ca Tanzaniya hariyo abarundi batari bake baharurwa mu bihumbi, bamwe muri abo bari mu makambi y’impunzi, abandi bariyo nk’abagiye guca ingero.