Carama : Amazu atandatu yabomowe n’imvura

Amazu atandatu niyo amaze kumenyekana ko yabomowe n’imvura nyinshi yaguye ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana muri karitiye ya Carama, zone Kinama, mu gisagara ca Bujumbura. Muri zone ya Buterere naho, amazu abiri niyo yabomotse.

Muri iyo mvura, imifurege itwara amazi yararengewe, uruja n’uruza rw’abantu n’imiduga rurahungabana.

Mu giporisi bamenyesha ko ata muntu aramenyekana yoba yahitanwe n’uwo mwuzurira.

Iyo mvura iguye inyuma y’iyari yaguye mu minsi iheze, ihitana abana babiri babpfuye batwawe n’amazi.

Ubushikiranganji bujejwe ibidukikije buheruka gufata ingingo y’uguhagarika vy’imfatakibanza ibikorwa vyose vy’ukwubaka muma karitiye ya Gahahe, Gatunguru hamwe na Carama. Ibikorwa bigiye kubandanya ni ivy’ukwubaka gusa ingoro y’umukuru w’igihugu hamwe n’ibikorwa vy’ugutunganya uruzi rwa Gasenyi, mu kurindira ko ivyigwa vy’ingene hokwubakwa imigende y’amazi y’imvura, mu turere tubangamiwe n’imvura bisozerwa.

Muri ubwo bushikiranganji bavuga ko ingingo yafashwe mu ntumbero y’ugukinga ko ivyabaye mu ndwi iheze bitosubira, aho imvura nyinshi yaguye, ihitana abantu n’ibintu.