Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yateye umukono kuri uwu wa mbere kw’itegeko nomero 100/039 ritanga uburenganzira bw’ugutangura kwiyamamaza mu matora yimirije y’uguhinyanyura ibwirizwa shingiro ry’Uburundi. Iryo tegeko riratomora abafise ububasha bw’ukwiyamamaza, umwanya ico gikorwa kizomara, ibibujijwe muri ico gikorwa, hamwe n’ibihano bitegekanijwe.
Ingingo ya mbere y’iryo tegeko iratomora ko abashigikiye ko ibwirizwa shingiro rihinyanyurwa bazovyerekana mu gutora « EGO », abatabishigikiye nabo bakazotora « OYA. »
Ingingo ya kabiri y’iryo tegeko ivuga ko ukwiyamamaza mu matora y’uguhinyanyura ibwirizwa shingiro kuzotangura kw’igenekerezo rya mbere Rusama 2018 igihe c’isaha cumi na zibiri z’agatondo, umunsi wa nyuma w’ukwiyamamaza nawo akaba ari kw’igenekerezo rya 14 Rusama 2018 igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba. Iyo ngingo ya kabiri ivuga ko ukwiyamamaza inyuma y’ico kiringo kutemewe, mu ngingo ya 13 akaba ariho bavuga ko uwutazokwubahiriza iyo ngingo azohanishwa ihadabu ry’amafaranga y’amarundi ari hagati y’ibihumbi amajana umunani n’imiriyoni zine.
Mu ngingo ya gatandatu, iryo tegeko rivuga ko imigambwe yose yiyamamaza hamwe n’abigenga bafise uburenganzira rw’ukuvugira mu bimenyeshamakuru vya Reta ku rugero rumwe, urwego CNC rugasabwa kugenzura iyubahirizwa ry’iryo tegeko ku migambwe yose hamwe n’abigenga biyandikishije.
Mu gikorwa nyezina c’ukwiyamamaza, ingingo ya cumi ivuga ko atawurekuriwe gutuka, gutyoza canke kurengera uwundi yaba mu majambo, canke ahandi ahariho hose. Ingingo ya 11 nayo ikaba ibuza abiyamamaza gukoresha uburyo bwa Reta. Uwuzorenga kuri iyo ngingo azohanishwa ihadabu ry’amafaranga ari hagati y’ibihumbi amajana umunani n’imiriyoni zine.
Mu masaha y’akazi, ingingo ya 12 irabuza abiyamamaza gutanga impapuro ziriko ubutumwa bw’ukwiyamamaza, ubwo butumwa nyene bukaba bubujijwe gutangwa mu mashure, muri za Kaminuza, izigenga n’iza Reta. Umukozi wa Reta azofatwa ariko ariyamamaza mu masaha y’akazi, nk’uko biri mu ngingo ya 14, azohanishwa ihadabu ry’amafaranga y’amarundi ari hagati y’ibihumbi amajana abiri n’ibihumbi amajana ane.
Ingingo ya 18 ari nayo ya nyuma y’iryo tegeko, imenyesha ko umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora (CENI) ariwo ufise igikorwa c’ugukurikirana iyubahirizwa hamwe n’ishirwa mu ngiro ry’iryo tegeko.