Ishirahamwe ONLCT ryavuze ahari amazu yugaranirwamwo abigeme biteguriye kudandazwa

Ishirahamwe « ONLCT: Où est ton frère? » ryishinze kurwanya urudandazwa rw’abantu hamwe n’amabi abakenyezi n’abana ryashikirije ayandi mayeri akorwa n’abadandaza abantu, aho hari ibibanza birimwo amazu mu gisagara ca Bujmbura no ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika, ahashirwamwo abariko bategurirwa kudandazwa, kugira bazosohoke igihugu mu kinyegero. Muri iryo shirahamwe basaba igiporisi ko corwiza gukizura muri ivyo bibanza.

Inyuma y’ifatwa ry’abigeme 25 b’Abarundikazi bafatiwe mu gihugu ca Kenya bari mu nzira y’ukuja kudandazwa mu bihugu vy’Abarabu, mw’ishirahamwe ONLCT: Où est ton frère? » bahamagarira igiporisi c’Uburundi gukirikiranira hafi amazu yugaye ashirwamwo abigeme n’abagore biteguriye kuja kudandazwa mu bihugu vya Oman, Arabie Saoudite n’ahandi. Mw’ishirahamwe « ONLCT: Où est ton frère? » bavuga ko izo nzu ziri ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika, hamwe no mu gisagara ca Bujumbura. Mu kurindira ko basohoka igihugu, muri iryo shirahamwe bemeza ko bishika abo bigeme n’abakenyezi bagashurashuzwa ku nguvu.

Prime MBARUBUKEYE, umukuru w’ishirahamwe « ONLCT: Où est ton frère? » aravuga ko bigenda :

« Ubwa mbere barabanza bagafata abigeme n’abakenyezi bakabugaranira mu nzu bakose kubw’izo mvo, bibaye ngombwa bakanabagaburira ata ngorane, mu nyuma bakaza barabatwara buke buke mw’ijoro, mu minsi irangiza indwi kubera baba bazi ko abajejwe umutekano batari hafi, canke baruhutse, bakabatwara mu bihugu dusangiye akarere. »

Nk’uko bivugwa na Prime MBARUBUKEYE, ayo mazu ari ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika mu Gitaza, Magara, Rumonge hamwe na Nyanzalac. Mu gisagara ca Bujumbura naho, ayo mazu ari muma zone ya Mutakura, Kinama (Bukirasazi), Kamenge, Buyenzi, Buterere, Musaga, Kinindo, hamwe na Rohero (Quartier Asiatique).

Ishirahamwe ONLCT: Où est ton frère? » risaba igiporisi ko cokomeza ibikorwa vy’ugukizura muri ivyo bibanza, Reta igasabwa ko yotegeka inzego zijejwe gutanga impapuro z’ukuja hanze ikitondera vy’ukuri kuziha abagore, abigeme n’abana bava muma karitiye ya Kinama (Bukirasazi), Kamenge, Buyenzi, Kanyosha, Musaga hamwe na Buterere, kuko ariho habonetse ibitigiri vyinshi vy’abatwara mu rudandazwa rw’abantu.

Reta isabwa kandi ko yofasha mu gushiraho amasezerano avuga ingene Abarundi baronse akazi hanze bagenda, habe umwumvikano hahati y’Uburundi n’ama Reta y’ibihugu abo barundi baba bagiyemwo.