Abashikiranganji 21 bagize Reta y’Uburundi barahiye imbere y’umukuru w’igihugu, inama nshingamateka na nkenguzamateka y’Uburundi. Ibirori vyabereye mu ngoro y’amakoraniro mu kigobe, kur’uno wa kabiri, igenekerezo rya 24 Ndamukiza 2018.
Afashe ibendera ry’igihugu hamwe n’iriranga amasezerano y’Ubumwe bw’abarundi, umushikiranganji wese yarahira agira ati : « Jewe ndahiye imbere y’umukuru w’igihugu, inama nshingamateka na nkenguzamateka, ko ntazotirimuka ku masezerano y’Ubumwe bw’abarundi, ibwirizwa nshingiro n’ayandi mategeko. Nzokoresha inguvu zanje zose mu gukingira inyungu z’igihugu, ntezimbere ubumwe n’ukubana neza hagati y’abarundi, amahoro n’ubutungane mu mabanga nshinzwe. Niyemeje kurwanya ivyiyumviro n’ibikorwa vy’ihonyabwoko n’ikumirwa, kandi nteze imbere nongere nkingire amateka n’ubwigenge y’umuntu n’umunyagihugu. »
Uwarahiye ubwa mbere n’umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu, akurikirwa n’uwo umutekano, uwo kwivuna abansi, uwo ubutungane, imigenderanire, uwujejwe akarere ka Afrika y’Ubuseruko, uwo intwaro ibereye, uwo agateka ka zina muntu, uwo kwegerza abategeti abanyagihugu,uw’abakozi n’akazi, uw’indero, uw’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, uw’amagara y’abantu, uwo uburimyi n’ubworozi n’ibidukikije, uwo ubutare n’agataka, uw’ibikorwa vya Reta, uwo ubudandaji, uwo urwaruka, uwo gutumatumanako amakuru n’ibinyamakuru hamwe n’uwo imico kama n’inkino.
Ibirori vy’arangijwe no gufata ifoto y’abagize Reta Nshasha, bari kumwe n’umukuru w’igihugu n’ivyegera vyiwe bibiri.
Abandi barahiye ni HABONIMANA Josiane hamwe na SABUWANKA Isaac bagenywe kuba muri sentare idasanzwe ijejwe amatati y’amatongo n’ayandi matungo.