Ewe Uhahazwa,ukazungagizwa N’inkubi Yumuyaga Ntugire Ikikuremesha,ehe Nzokwubakisha Amabuye Yitwa Simaragido,amatanguriro Yawe Nzoyubakisha Ayitwa Safiro. Iminara Yawe Nzoyubakisha Amabuye Atukura, Nibirimba Vyawe Nzovyubakisha Amabuye Akayanganga,kand’uruzitiro Rwawe Rwose Nzorwubakisa Ay’igiciro. Abana Bawe Bose Bazokwigishwa Nanje, Jewe Uhoraho Kand’amahoro Abana Bawe Bazogira Azoba Menshi. Uzoshikamishwa N’ukugororoka; Uguhahazwa Kuzokuba Kure,ntaco Uzotinya; Bo n’ibitera Ubgoba,kuko Bitazokwegera. Nihagira Abagutera,sijewe Nzobambagomoye Abazogutera Bose Bazohindikiranira Imbere Yawe. Ehe Nijewe Ndema Umucuzi Avuguta Umuriro Wamakara,agakuramw’icokurwanisha Kubg’ubuhanga Bwiwe; Ariko Kandi Naremye Umuranduzi Wo Kugeseza Nawe. Ntaco Kurwanisha Bacuriye Kukurwanya Kizogira Ico kimara; Kand’ururimi Rwose Ruzoguhagurukira Kukuburanya Uzorutsinda. Ivyo Ni Vyo Mwandu W’abasavyi Banje,Jewe Uhoraho,kand’ukwo Niko Kugororoka Kwabo Kwanduruka Kuri Jewe;nijewe Uhoraho Mbivuze.
YESAYA 54:11-17.
Mweneso Placide Nduwayezu.