Bakristo mwese muharanire Amahoro aho muri hose kandi mwirinde imivurungano n’ukwihorahorana

🌈ABAKRISTO BENE DATA MUYAGE AMAHORO AHO MURI HOSE,MWIRINDE IVYO KWIHORANA,TUZOBA TWIRINZE IMIVURUNGANO 🌈

1AB’I TESALONIKE 5:15_16_17_18_19_20_21_22_23_24.

15/Mwirinde,ntihagire Umuntu yihora uwundi ikibi yamugiriye,ariko mwame mukurikira iciza Mu vyo mugiriranira no Mu vyo mugirira abandi Bose.

16/Munezerwe imisi yose.

17/musenge ubudasiba.

18/mwame mukenguruka muri vyose,Kukw ico ari co IMANA ibagombako muri KRISTO YESU.

19/Ntimukazimye MPWEMU ;

20/Ntimugakengere ivy’abavugishwa n’IMANA ;

21/mugerageze vyose,mugumye ivyiza,

22/Mwirinde Icitwa ikibi cose.

23/Kand’IMANA nyen’amahoro ibe ariyo ibeza rwose.kand’impwemu yanyu n’ubuginga n’umubiri vyose hamwe bizigamwe,ngo bize bisangwe bitagira umugayo,ah’umwami wacu YESU KRISTO azozira.

24/Ibahamagara n’iyo kwizigirwa;no kubikora izobikora.🙏AMEN HIMBAZWA MWAMI YESU🙏