Carama : Abanyagihugu basaba gutabarwa vyihuta

Bamwe mu banyagihugu bo muri karitiye ya Carama zone Kinama mu gisagara ca Bujumbura basaba ko botabarwa hakiri kare kuko inzu zabo zuzuyemwo amazi hamwe n’imisarani, bakavuga ko babuze ico bafata n’ico bareka. Ivyo babishikirije inyuma y’aho haguye imvura nyinshi yononye ibitari bike ku muhingamo wo kuri uwu w’Imana igenekerezo rya 22 Ndamukiza 2018.

Umunyagihugu yaganiriye n’ikinyamakuru IGIHE, aba mu Carama ya kabiri kw’ibarabara ryitwa Taba, yamenyesheje ko kubera iyo mvura yaguye bidakunda ko baguma bahaba kuko gushika n’ubu inzu zuzuye amazi kandi ata bikoresho bafise bikwiye vyo kuyakurayo.

Uwo munyagihugu yavuze ati : “Ibintu vyaratwawe, igiteye ubwoba n’ubu amazi aracari mu mazu kandi ata bikoresho dufise vyo kuyakurayo, n’akamoteri kamwe abaporisi bajejwe gutabara bazanye ntikabishobora ari kamwe.”

Uwo aba aho mu Carama ya kabiri yavuze kandi ko imisarani yabo yuzuye amazi adashobora gusohoka bibagora kugira baronke aho bituma canke aho kwihagarika mu gihe c’umwanda muto.

Uwo munyagihugu asaba ko abajejwe gutabara hamwe n’abo mw’ishirahamwe ERCON rikora ibikorwa vyo gusukura no kwagura imiserege itwara amazi muri ico gice, ko bokora ivyigwa bishimishije kugira bifashe gutorera inyishu ico kibazo.

Umwe mu baporisi bo mu gisata kijejwe gutabara no gukinga ibiza yabwiye ikinyamakuru IGIHE ko imiserege yahora itwara amazi, ubu idakora kubera imyuzurira, ariyo yatumye ayo mazi atera iyo mihana kuko amazi, umusenyi hamwe n’ivu vyose vyabuze aho bimenera bica bija mu mazu y’abantu.

Uwo yari mu bari barungitswe gutabara yamenyesheje ko ico bagiye gukora ubu ari gukura amazi mu mazu y’abantu bongere bakorane n’abakozi bo mu muryango utabara imbabare kugira bakamye amazi ari mu misarani itandukanye hamwe no gupompa imiti.

Ubushikiranganji bujejwe ibidukikije buheruka gufata ingingo y’uguhagarika vy’imfatakibanza ibikorwa vyose vy’ukwubaka muma karitiye ya Gahahe, Gatunguru hamwe na Carama. Ibikorwa bigiye kubandanya ni ivy’ukwubaka gusa ingoro y’umukuru w’igihugu hamwe n’ibikorwa vy’ugutunganya uruzi rwa Gasenyi, mu kurindira ko ivyigwa vy’ingene hokwubakwa imigende y’amazi y’imvura, mu turere tubangamiwe n’imvura bisozerwa.

Muri ubwo bushikiranganji bavuga ko ingingo yafashwe mu ntumbero y’ugukinga ko ivyabaye mu ndwi iheze bitosubira, aho imvura nyinshi yaguye, ihitana abantu.