
Ndabaramukije mw’Izina rya Yesu Kristo yapfuye akazuka.
Dusangire Ijambo ry’Imana rivuga:
* »Kwemera ko Imana Ikubera Umwungere. »*
Zaburi 23:1-2:
* »Uhoraho niwe mwungere wanje, sinzokena. Amvyagiza mu canya c’ubwatsi butotahaye: Andongorera iruhande y’amazi adasuma. »*
Bene Data, uyu yari Dawidi yariko avuga aya majambo yivuga ko yemereye Imana Ikamubera Umwungere kandi ko ataco yayiburanye kuko yaronse ivyo arya yongera aronka ivyo anywa abihawe n’Imana.
Ncuti mukundwa uriko ukora ivyaha kugira uronke ivyo urya n’ivyo unywa, ndakugira inama ngo wihane kuko ivyo vyose naho ubikora ntugira amahoro m’umutima!
Naho urya ukongera ukanywa kubw’ivyaha wakoze, menya nëzä k’urya kandi unywa umuvumo kuko ntugira amahoro m’umutima wawe!
Ndakugira inama ngo wemerere Imana Ikubere umwungere, wemere kwanka icaha ic’ari co cose nk’ukw’Imana yanka icaha kandi Imana yo mw’Ijuru ntizoguta kandi ntizoguhemukira.
Imana Izokubera umwungere mwiza m’ukuguha ibikugirira ikimazi haba muri buno bugingo kandi Izoguha n’Ijuru.
*IKIBAZO:*
Ko tuzi hariho intama nyiiiiiiinshiiii zigöra umwungere, zikaguma zishaka kwöna imirima y’abandi: *ubwo weho ntugöra umwungere wacu❓❓ Ubwo ntuguma umusarana ukaja guköra ivyo yanka❓❓*
Q2. *Ko tuzi umwungere wacu ashaka ko tugümää turiiiiishaaaa m’ugusöma BIBILIYA YERA ubudasiiiiibaaaa ubwo wewe urariiiiishaaaa ubudasiiiiibaaaa⁉️*
Nimba utariiiiishaaa ubudasiba none ntusigaye ur’uruzingo umuguta) m’uburyo bw’Impwemu😳⁉️
Q3. *Ko umwungere wacu amazi mëëëzäää ashaka ko tunywa ar’amasengesho yo m’ukuri, y’ibihe vyose, arimwo ukwiyeza, amashimwe, amatazirano, ukumuninahaza, ubwo aya mazi mëëëzäää wewe urayanywa😳⁉️*
Nimba utayanywa, ubwo ntiwagadütse m’uburyo bw’Impwemu❓ Ntiwishwe n’umwumwa m’uburyo bw’Impwemu ❓❓
Mwene So charles KARORERO
Tél-Whatsapp: (+257) 69 70 01 77