RDC : Reta yemeye ko abatavugarumwe na Reta bagira ikoraniro

Reta ya Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, yemeye ko abatavugarumwe na Reta bahurira hamwe, inyuma y’imyaka ibiri yari iheze ivyo bitaba.

Amakuru dukesha iradiyo ya BBC, amenyesha ko muri iryo huriro, umukuru w’umugambwe utavugarumwe na Reta UDPS, Felix Tshisekedi, ari nawe azowuserukira mu matora, aza gushikiriza ijambo.

Felix Tshisekedi, arongoye UDPS, yaheruka kwagiriza umukuru w’igihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, Joseph Kabila, kuba atwaza igikenye.

Umukuru w’igihugu Joseph Kabila, yari kuba yavuye ku butegetsi mu mwaka wa 2016, ariko amatora yagumye yigizwa inyuma.