Reta y’Uburundi yemeza ko amafaranga akenewe mu 2020 niyakwira Abarundi batazosubira guterera

Reta y’Uburundi ivuga ko uko amezi atatu aheze, abarundi bazokwama bamenyeshejwe igitigiri c’amafaranga y’intererano y’amatora yatojwe. Muri Reta y’Uburundi bashikiriza kandi ko ico gikorwa c’uguterera kizohagarare mu gihe igitigiri c’amafaranga akenewe mu matora y’umwaka w’2020 kizoba cakwiye.

Nk’uko bivugwa na Reta y’Uburundi, abarundi batererejwe kugira igihugu c’Uburundi citunganirize ubwaco amatora, muri Reta bakemeza ko abaterera babikora ku gushaka kwabo. Kubwa Reta y’Uburundi, kahise kerekanye ko imfashanyo ziva hanze y’igihugu kenshi zizanana n’ibisabwa biba bigoye kwubahiriza, kandi kenshi biba bihonyanga ubwigenge bw’Uburundi.

Mw’itangazo ryateweko umukono na Firipo NZOBONARIBA, umuvugizi wa Reta y’Uburundi, barashimira abamaze gutanga intererano yabo, bagatera intege n’abakiri inyuma. Reta y’Uburundi ivuga ko ishimiye yivuye inyuma abarwizatunga baheruka guterera amafaranga y’amarundi arenga imiriyaridi zitatu, muri Reta bakavuga ko iyo ntererano y’abarwizatunga ari nk’ikimenyetso c’ukwereka amakungu ko abo bikorera ivyabo bashoboye kurangurira imirimo yabo mu Burundi kubera amahora n’umutekano birangwa muri ico gihugu.

Igitigiri c’amafaranga akenewe mu matora y’umwaka w’2020 ntikirashirwa ahabona

Mu kiganiro c’abavugizi cabereye mu ntara ya Gitega kw’igenekerezo rya 23 Ntwarante 2018, mu murwi w’igihugu CENI ujejwe gutegura amatora bamenyesheje ko igitigiri c’amafaranga yose hamwe azokoreshwa mu matora kitaramenyekana, ariko ko mu minsi ya vuba ico gitigiri kizoshikirizwa.

Prosper NTAHORWAMIYE, umuvugizi wa CENI yagize ati : « Mu minsi iza tuzobabwira ibiharuro vy’ifatiro vy’amatora yo mu 2020, uko amafaranga azoba angana. Mw’iyinga rimwe canke amayinga abiri ico gitigiri tuzoba twakimenye, tuzoca tukibashikiriza. »