Umushingamateka Pamphile MALAYIKA yerekanye icokorwa kugira ikibazo kiri mu Carama gitorerwe inyishu

Mu gihe haheze iminsi hibonekeza imyuzurira muri quartier ya Carama iri muri zone Kinama, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, umushingamateka akaba n’umuhinga mu bijanye no kwubaka Pamphile MALAYIKA, amanyesha ko ingorane itava ahanini ko akarere ka Carama kari ahantu hateze, ariko iva ku mazi ava mu misozi iri haruguru y’ico gice.

Umushigamateka Pamphile MALAYIKA avuga ko ibiriko biraba mu carama bibabaje cane, kuko bituma amazu y’abanyagihugu n’ibiri muri yo vyononekara, canke mbere hakabamwo n’abatakaza ubuzima.

Pamphile MALAYIKA avuga ko, ingorane iri mu Carama iva k’ukuntu hari amazu yubakwa haruguru ya Carama, kandi hataratunganywa ngo hacibwe amabarabara n’imigende itwara amazi, bigatuma amazi ategerezwa kwironderera inzira.

Umushingamateka Pamphile MALAYIKA , avuga ko mu gace ka Carama hari amabaraba akwiye n’imigende yaciwe, ariko aho bigeze imigende yabaye mito, kubera abatunganya igisagara batiyumviriye cane kuri kazoza.

Uwo mushingamateka aratanga umuti wotuma ico kibazo gitorerwa inyishu :« Umuti woba nuko Reta yofata mu ntoke ikibazo c’amabaraba n’imigende n’inyubakwa ziriko zubakwa haruguru ya Carama, nka Gasenyi, kuw’interekwa, Nyabagere na Muyaga. »

Umushingamateka Pamphile MALAYIKA asigura kandi ko, hakwiye imigende minini minini ivana amazi mu nzuzi nka Nyabagere, Gasenyi na Ntahangwa, ikayashikana mu kiyaga Tanganyika.

Naho biri ukwo, umushingamateka Pamphile MALAYIKA arashimira Reta, kuba yararondeye imfashanyo zo kwubaka ibiraro ku nzuzi zica mu gisagara ca Bujumbura, naho hakiri vyinshi vyo gukora.

Pamphile MALAYIKA ahanura abarundi guhagarika umutima wo kwama biyumvira gusanura ivyasambutse, aho gukinga bitarasambuka, bagatunganya igisagara bafatiye uko iterambere rihindagurika bafatiye ku mwanya, bagafata kandi imigambi bayerekeza muri kazoza.