Umutumiro w’amasengesho yo kuwa 25/04 na 28 /04 2018
Nkuko Uhoraho Imana yadutegetse ku misi ya gatatu na gatandatu, twama dufise amasengesho yo gusengera uburundi n’abarundi.
URUFATIRO
« SHIKAMA USHIRE AMANGA KUKO NDIKUMWE NAWE »
IBISOMWA
Yosuwa 1:5-8
Yesaya 40:1-2
1 Samuel 30: 6
Habakuk 2:3-4
Heburayo 10: 38-39
Yakobo 5: 7-8
2 Ngoma 20:15
INDIRIMBO
37; 45; 45; 49; 68; 147; 150; 158; 320; 272
IVYO MPWEMU AHISHURA.
Abantu benshi baba abihanga; abarundi n’abarundikazi bari mumwiheburo no gucika intege. Koko Imana yarasezeraniye abarundi n’uburundi kubashitsa kw’isezerano. Abenshi rero kubera ibihe, ibihuha, kudasenga, kudasiguza Imana (ariko Dawidi we ngo asiguza Imana 1 samuel 3:8) Abantu badehukiwe bava mw’isezerano ( « ariko aragowe uwuva mw’isezerano akifatanya n’abatizera ). Kandi Dawidi yiremeshereza muma Mana yiwe. Mbega urafise ico mwavuganye n’Imana? Vyizere kuko kuko ni ukuri kandi ugutabarwa kuri hafi: « ariko tweho nti turi abiyonjorora bagahona turi mubizera …… » Iyo ntambara (ivyo bibazo, indwara; ubushomeri;…..) urwana nayo si iyawe niyo Uhoraho.
IVYOGUSENGERA
-Abataye ukwezera,
– abavuye mw’isezerano,
-abarongozi b’ihanga,
– abavugabutumwa;
-abaririmvyi ,
– abavugishwa;
– abagorewe mumabohero.
-abagwaye,
– impunzi
-impfuvyi n’abapfakazi
Ni dusangwe IMANA UBURUNDI N’ISERANO
Bigiriwe I Bujumbura kuwa 24/04/2018.