Bururi : Abayoboke babiri ba RWASA bafashwe bagirizwa kwigisha gutora « OYA »

Abigisha babiri bo kw’ishure shingiro rya Kiryama muri komine Songa, intara ya Bururi bafashwe n’igiporisi bagirizwa ko bakoresha amanama mw’ijoro, mu kinyegero, bategura kuzokwigisha gutora « OYA » mu matora y’ibwirizwa shingiro yimirije.

Abo bafashwe n’igiporisi ni Joseph Misigaro hamwe na Niyonzima Constance, bompi bakaba ari indongozi z’urunani Amizero y’Abarundi rwa RWASA Agathon. Bapfungiwe mu gasho k’igiporisi mu Rumeza.

Imiryango yabo imenyesha ko abo bafashwe bariko bazira ivyiyumviro vyabo vya poritike, kuko abo bafashwe bose bari mu ndongozi z’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi. Iyo miryango igasaba ko borekurwa.

Amakuru dukura mu ntara ya Bururi, komine Songa avuga ko abantu bose hamwe bagera kuri batandatu aribo bamaze gufatwa n’igiporisi bagirizwa ko bakoresha amanama mw’ijoro y’ukwitegurira kuzokwigisha gutora « OYA » mu matora y’ibwirizwa shingiro azoba kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018.

Nk’uko biri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu, bitegekanijwe ko imyiyamamazo izotangura kw’igenekerezo rya mbere Rusama 2018.