Imyuzurira y’amazi menshi y’imvura yabomoye kuva kuri uwu wa kabiri imva zo mw’itongo ry’abapfuye ryo ku Mpanda, ikibanza abanyagihugu batari bake cane cane bo mu gisagara ca Bujumbura bashinguramwo ababo bitavye Imana.
Bamwe mu bafise ababo bashinguwe muri iryo tongo ry’abapfuye, bavuga ko batoroherejwe, mu gihe bari bashatse kuri uwu wa gatatu kwishikira aho mw’itongo ry’abapfuye ku Mpanda, kugira birabire ko imva z’incuti zabo zasambuwe n’ayo mazi. N’abamenyeshamakuru bari bashatse kuri uwu wa gatatu kwishikira aho mw’itongo ry’abapfuye kuraba ivyabaye bakaba batemerewe kwinjira.
Abo banyagihugu bashinguye ababo ku Mpanda basaba ko amashirahamwe bakoranye ajejwe guhambisha n’ukwubaka intatemwa, ko yobafasha gusanura izo mva, kuko ivyabaye batari bavyiteze.