Ikiziga c’umwigime azwi kw’izina rya KANEZA catowe ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri muri zone ya Ngagara, mu gisagara ca Bujumbura, hafi y’aho uwo mwigeme yahora aba muri karitiye ya kane.
Nk’uko bivugwa n’abanyagihugu begereye ahatowe ico kiziga, biboneka ko uwo mwigeme yariko yitegurira kwubaka urwiwe, nk’uko vyemezwa n’umuryango wiwe, yoba yishwe anizwe n’abantu bataramenyekana. Mu giporisi bamenyesha ko amatohoza yatanguye.
Umwigeme KANEZA yavuka mu ntara ya Bururi.