Roger Nkodo Dang yasavye gushigikirwa n’Uburundi mu matora yimirije

Umukuru w’inama nshingamateka ya Afrika ihurikiyemwo abashingamateka hamwe n’abakenguzamateka bo mu bihugu 55 vyo ku mugabane wa Afrika, Roger Nkodo Dang yahawe umubonano kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2018 n’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA mu ntumbero yo gusaba igihugu c’Uburundi kugira kizomushigikire mu matora yimirije ajanye no gutora umukuru w’iyo nama nshingamateka ya Afrika.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’uwo mubonano, umuvugizi w’inama nshingamateka y’Uburundi Alexis Badian NDAYIHIMBAZE yamenyesheje ko umukuru w’inama nshingametaka ya Afrika Roger Nkodo Dang yavuganye n’umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi ku bijanye n’uko igihugu c’Uburundi kizomushigikira mu gihe co kwitoza ubigira kabiri mu kibanza co kurongora iyo nama nshingamteka mu misi iri imbere.

Alexis Badian NDAYIHIMBAZE yamenyesheje kandi ko uwo arongoye inama nshingamateka ya Afrika yasiguriye umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi ivyo yashoboye kurangura mu kiringo c’imyaka 3 atwara inama nshingamateka ya Afrika.

Uwo avugira inama nshingamateka y’Uburundi yavuze ko umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA yabwiye mugenzi we atwara inama nshingamateka ya Afirika ko bagiye kwihweza ivyo yasavye kugira igihugu c’Uburundi kizomushigikire.

Muri uwo mubonano, nk’uko bivugwa na Alexis Badian NDAYIHIMBAZE, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA yasavye mugenzi we atwara inama nshingamateka ya Afirika kwibuka ko Uburundi nabwo bukeneye abakozi babwo boja muri iyo nama nshingamateka, abakozi b’abarundi bagashirwa mu nzego z’iyo nama.

Umukuru w’inama nshinganmateka ya Afrika Roger Nkodo Dang avuka mu gihugu ca Cameroun yatanguye gutwara inama nshingamateka ya Afrika mu mwaka wa 2015. Ikiringo ciwe kikazorangira uwu mwaka wa 2018. Mubo bazohiganirwa gutwara inama nshingamateka ya Afrika, harimwo uwuturuka mu gihugu ca Zimbabwe hamwe n’uwo mu gihugu ca Misiri.

Roger Nkodo Dang ari mu rugendo rw’akazi rw’iminsi ibiri mu Burundi, kuva kuri uwu wa kabiri, urwo rugendo rukaza gusozerwa kuri uwu wa gatatu, isaha indwi z’umurango.