
Ndabaramukije bene Data.
Ndanezerewe caaaane ko nsubiye kuronka akanya ngo dusangire umutsima w’ubugingo :
*Yesu ati jewe nd’umuzabibu w’ukuri kandi Data ni nyene wo.*
*Ishami ryose ryo muri jewe ritama, arikuraho ; kand’iryama ryose ararituturira, ngo rirushirize kwama*.
Yohana 15:1-2
None mwene Data uriko uraja mw’ijuru, ubona vyukuri ukiri ishami ryose riri kuri Yesu, ubona vy’ukuri ucäma, nimba ucäma hoho ubona wäma ivyamwa vyiza canke wama ibijabija❓
Ubona ukir’ishami riri kuri Yesu canke uja warahanyuwe❓
Ishami ryose ritäma riracibwa rigatabwa aho ryümira mu nyuma rikazocanywa.
Twiyubare, ntiduhombe ivy’ibikorwa twakoze, ariko ngo duhabwe ingero itagabanije.
2 Yohana 1 : 8
*Imana Nyen’amahoro, Imwe yakura Umwami wacu Yesu mu bapfuye, ari we Mwungere mukuru w’intama, Imukujey’amaraso y’isezerano ry’ibihe bidashira, Ibe ariyo Ibatunganya rwose mu ciza cose*, kugira ngo mukore ivy’Igomba, Ikorera muri twebwe ibishimwa mu nyonga zayo, kubwa Yesu Kristo : icubahiro kibe icayo ibihe bitazoshira. Amen.
Heb.13 : 20-21
Yesu abahezagire caaaane