Abandi bayoboke ba RWASA bafashwe bagirizwa kwigisha gutora « OYA »

Abigisha cumi bo muri komine Bwambarangwe intara ya Kirundo bafashwe bagirizwa ko bari mu nama y’uwkigisha gutora « OYA » mu matora y’ibwirizwa shingiro azoba mu kwezi kwa gatanu.

Imiryango y’abo bigisha imenyesha ko abo bafashwe bariko basangira urukanwa ahitwa ku Mukenke, iyo miryango igatangazwa n’uko bagirizwa ko bari mu nama y’ukwigisha gutora « OYA ».

Abo bigisha icumi biyongereye ku bandi babiri bo kw’ishure shingiro rya Kiryama muri komine Songa, intara ya Bururi, nabo nyene bafashwe n’igiporisi bagirizwa ko bakoresha amanama mw’ijoro, mu kinyegero, bategura kuzokwigisha gutora « OYA » mu matora y’ibwirizwa shingiro yimirije.