Abarongoye amaradiyo hamwe n’ibimenyeshamakuru mu Burundi bakoraniye mu mwiherero uriko ubera ku murwa mukuru w’intara ya Muramvya kuva kuri uwu wa kane, aho bariko barabira hamwe ibijanye n’umwuga w’ukumenyeshamakuru mu Burundi, hamwe n’inyifato yoranga abamenyeshamakuru mu matora yimirije mu Burundi.
Uwo mwiherero watunganijwe n’ubushikiranganji bw’ukumenyesha amakuru wahuje abatwara urwego rw’igihugu rujejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi (CNC), abarongoye ibimenyeshamakuru n’amaradiyo, abavugizi b’inzego zose zigize Reta y’Uburundi uhereye ku muvugizi w’umukuru w’igihugu, umuvugizi wa Sentare ntahinyuzwa hamwe n’umuvugizi wa Reta y’Uburundi.
Mw’ijambo yashikirije ariko yugurura uwo mwiherero, umushikiranganji Serge NDAYIRAGIJE ajejwe kumenyesha amakuru yamenyesheje ko uwo mwiherero watunganijwe mu ntumbero y’ugusangira ikiyago hagati y’abavugizi n’abarongoye ibimenyeshamakuru, kugira baronke akaryo ko kuvuga umwuga hamwe n’imigenderanire.
Umushikiranganji Serge NDAYIRAGIJE yasavye abitavye uwo mwiherero ko bohanahana ivyiyumviro ngenderwako bifasha kumenya uruhara rw’umwumwe mu kwubaka igihugu mu bice vyose bigize ubuzima bw’igihugu.
« Twimirije amatora aho umurundi wese ahamagariwe guterera umuganda kugira ico gikorwa kigende neza. Twofasha iki ? Twokwifata gute imbere y’amatora, mu matora nyezina, hamwe n’inyuma yayo »
Nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji NDAYIRAGIJE, amakuru ashobora kwubaka canke agaca ivutu imitima y’abantu.
« Aka ni akaryo keza kugira tuze guhanahana ivyiyumviro vyubaka, tuze ducike akarorero mu bavuga amakuru. »
Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru yasavye abitavye iyo nama kuzoba akarorero mu gihe c’amatora, mu gutohoza amakuru, mu kuyandika hamwe no mu kugendera ubuntu buranga uwushikiriza amakuru n’akanovera kayo.